ImibanoMumahanga

Kenya: bane bafashwe batwaye ibisurira muburyo bitemewe i Buraya bifise agaciro 7800$.

Mu gihugu ca Kenya barafashe abantu 4 begeranije ibisurira vyinshi bifise agaciro k'amadorari 7800 bagira bavyurize indege kukibuga mpunzamakungu Jomo Kenyata  mu buryo butemewe murico gihugu babaje kubishira indani muma seringebabitwaaye kubigurisha ku mugabane wa Buraya canke wa Aziya nkuko ayo makuru tuyakesha ikinyamakuru c'abafaransa RFI. Abasore babiri b’Ababiligi bafashwe i Nakuru muri Kenya hagati, hamwe n’umunya Vietnam n’umunya Kenya i Nairobi, bagirizwa gutunga no kugurisha ibisurira bigikomeye bifise ubuzima mu buryo butemewe n’amategeko yico gihugu, hari kuwa 15 Ndamukiza uyu mwaka. Ikigo kijejwe gucungera ibikoko vy'ishamba kimenyesha ko "icaha gikomeye" n'igikorwa "categekanijwe imbere y'igihe".
Ariko murico gihugu ca Kenya, ibikoko vyo mw'ishamba, harimwo n’udukoko, birakingirwa cane. Ubucuruzi bwose busaba uruhusha, ivyo abo bacuruzi bane bafashwe ntibari bafise. Ikigo kijejwe gucungera ibikoko vy'ishamba kimenyesha ko "icaha gikomeye" n'igikorwa "categekanijwe imbere y'igihe". Iryo shirahamwe rya Leta rivuga ko hariho "iterambere riteye amaganya" mu gucuruza "kuva ku bikoko bifise amagufa kandi bifise ibimenyetso bikaja ku bikoko bitazwi cane, ariko bikaba ari ngirakamaro ku bijanye n'uburinganire bw'ibidukikije."

Mu mwaka w’2023, abantu batatu bari bamaze gufatwa muri Kenya bamaze kugerageza kurungika ibisurira mu Bufaransa mu buryo butemewe n’amategeko. Abantu bane bose bafashwe vuba, bariyemereye icaha. Abo babirigi b’imyaka 19 bavuze ko batazi ko kwegeranya ibisurira vyo mw’ishamba ari ikintu kitemewe n’amategeko.

Related posts

Youssouf Nyange : Igitsindo ca mbere mu gihugu c’ Ubufaransa.

Buja Media

Adrienne, umukinyi wa Ninde azovuzwa gushika akire n’umugambwe CNDD-FDD.

Buja Media

Ibiharuro mfatakibanza vya rusansuma y’abarundi ni 12.332.788 vyemezwa na reta.

Buja Media

Leave a Comment