MuburundiPolitike

” Imyiyamamazo yagenze neza muri rusangi ” uwigenga Dieudonné Nahimana.

Dieudonné Nahimana uwigenga mu matora buca aba igenekerezo rya 5 Ruheshi kuri we arashima uko iki kiringo co kwiyamamaza ca ngenze, yabishikirije imbere y’abamenyeshamakuru kugira ashikirize uko yabonye muri rusangi kuruyu munsi wa nyuma wo kwiyamamaza igenekerezo rya 02 Ruheshi. Uwigenga yamenyesheje yuko mubitagenze neza ari bike cane afatiye kuvyo yabonye aho yagiye araca hose mu ntara ya Bujumbura yagutse yitoreje.

Mu bibazo bitandukanye yishuye harimwo ivyo mu bisata bitandukanye afatiye kunyifato zagiye ziraranga abo barikumwe mu guhiganwa nk’akarorero amenyesha ko hari abanwanyi biwe bahagaritswe bahorwa kuba bambaye agapira kariko ibimenyetso vyiwe ariko baca babifata mu miwe barikumwe n’abajejwe intwaro ntivyatevye barabarekuye hari mu duce tw’intara ya Cibitoke bakoranye n’abajejwe intwaro n’umutekano.

Uwigenga mu matora ntiyashimishijwe n’abagiye baraca intenge ku mbugangurukanabumenyi canke abandi bo muyindi migambwe kubashishikara bashikiriza kubanwanyi batandukanye bababwira yuko guha ijwi uwigenga abaritakaje kubwiwe abonako bitamuciye intenge agashimishwa cane n’abantu batandukanye kandi bato bato bashoboye gushikira bakumva ivyiyumviro kubera batahuye ko demokarasi ifatiye mu kugira ivyiyumviro bitandukanye kandi bivuye mu migambwe ndetse no mu bingenga kugira bafashe gutorera inyishu ibibazo bihaze abarundi muri rusangi.

Ku kibazo c’amajwi basabwa ashika ibice 40 kw’ijana babonako ari menshi uwigenga kugira aronke intebe mu nama nshingamateka, Dieudonné Nahimana abonako kuriwe afise icizere kinini kazoyaronka afatiye ukuntu mu 2020 yitoreza ikibanza c’Umukuru w’igihugu bamusaba amajwi ibice 51 kw’ijana akabona yuko kugira bazobihindure bazobanza guhindura ibwirizwa nshingiro ariyo nkomoko yavyo agashishikara avuga ko uyu munsi ba bisavye cane ari intambwe idasanzwe yo kwerekana ko bikwiye gusubirwamwo nabo bakoroherezwa muri kazoza.

Mu gihe abo barikumwe mw’ihiganwa bagarutse ko bahuye n’ikibazo c’ibitoro kugira bashikire abanwanyi babo bari hagati mu gihugu,  Dieudonné Nahimana cane ishirahamwe SOPEBU ku bice 70 kw’ijana ko yashoboye kubaronsa ibitoro mugihe cose bari babikeneye. Mu gihe uyu munsi ariwo wa nyuma wo kwiyamamaza Nahimana yamenyesheje ko batanze amadosiye arenga gato 1300 mu murwi CENI y’inderetsi kugira bazobe bari mu biro vyitora mu ntara ya Bujumbura yagutse.

Mwomenya yuko amatora azoba kuwa 05 Ruheshi azoba ari ayabajenama ba komine azobera rimwe n’abanshingamateka akazoba ari incuro igira 7 igihugu c’Uburundi kigize amatora kumva twikukiye.

 

Related posts

Amagaba yaserukiye Uburundi mw’isabukuru ryo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Yvan Manager

Amasezerano yo kubaka ishure ry’imyuga rizotwara imiliyaridi 30 z’amarundi.

Yvan Manager

Ibiharuro vy’imfatakibaza vy’amatora y’abajenama ba komine vyagiye ahabona.

Yvan Manager

Leave a Comment