IbigezwehoImyidagaduroMuburundi

“Imana y’akandi karyo” ya Pastor Lopez itahukanye Isanganiro Award kuncuro ya 13.

“Imana y’akandi karyo” ya Pastor Lopez niyo yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa Isanganiro Award ku ncuro 13 ku manota  56,19 kw’ijana, ikaba igiye kumenyekanishwa mu kuvuzwa iminsi yose kuri iyo radiyo. Yanaronkejwe agashirukabute kagizwe n’ibahasha izomwunganira mu bikorwa vyiwe be n’ikimenyetso c’aho ariwe yaritsindiye(trophée)|. Irryo higanwa rya nyuma ryabaye ku munsi w’ejo hahise mu bunwero Arena Louange. Charles Makoto arongoye imboneshakure n’insamirizi Isanganiro yipfuza ko mu myaka 10 iza yuko bihaye ihiganwa iba mpuzakarere.

May be an image of table, lighting and wedding
Abitavye ivyo birori mu bunwero Arena Louange.

Nkuko murubwo bunwero hari hakoraniye abantu bari mu bisata bitandukanye bakorana nico kinyamakuru ariko hagaragaye abari mu gisata c’umuziki w’Uburundi, ibirori ku mmasaha yo ku mugoroba, abatwaye iryo higanwa bamwe bararirimvye,abandi bararamukanya, binjira mu gikorwa nyezina ido nido. Umurwi watanga amanota warugizwe na Willy Sirabahenda, Ariane Kanyamuneza hamwe na Lil Ding Rugamba. Abo bose nubu basanzwe ari abaririmvyi. Ivyo uwo murwi waraba harimwo 4 bikuru bikuru nka: Ijwi ry’ukuri ry’uwayiririmvye, ubutumwa buri mundirimbo, ukuri nyezina ryico gikorwa(Orginalité de l’oeuvre) hamwe nuko indirimbo ikozwe muburyo bw’ubuhinga.

Vichou Love, yatsindiye ikibanza ca kabiri ku ndirimbo “Ndiki”.

Amanota akaba ava mu matora aciye ku butumwa bugufi bayaha ibice 30 kw’ijana (SMS), ayavuye ku mbuga ngurukanabumenyi yari kubica 20 kw’ijana mugihe umurwi utanga amanota(Jury) nawo ukaza gutanga ibice 50 kw’ijana.”Imana y’akandi karyo” itorwa nk’indirimbo ya mbere ku majwi 56,19 kw’ijana, mu kibanza ca kabiri haza “Ndiki” rwa Vichou Love aronka amanota 47,85 kw’ijana, yahawe ibahasha hamwe n’impamyabushobozi nuwa gatatu “Zoé” rw’umurwi MTC ubushimwe bwabaye ubusa nuwa 2. Indirimbo 2 mpimbazamana muri 3 zihabwa agashimwe.

May be an image of 2 people
Nimbona J Pierre Kidumu muriryo higanwa.

Murico kibanza haragaragayemwo umuririmvyi Nimbona J.Pierre  Kidumu arino mu gihugu kubera ibiteramo yaje kuhakora ariko asanzwe aba mu gihugu ca Kenya ariho akorera ibikorwa vy’umuziki .Batatahura ibihejeje kubabako, baryohewe, barabura uko bifata, abaserukiye Pastor Lopez barakengurukiye Isanganiro n’abo bafatanije gutegura rino higanwa.

Charles Makoto umuyobozi wico kinyamakuru yavuze ko bipfuza ko umuziki uzoshobora kubeshaho umuririmvyi, umwanditsi n’abandi bose bakora muri ico gisata, bafatanije n’abamaze gutahukana iryo higanwa biyemeje gukorana kugira uwo mugambi mu myaka ine iri imbere uzobe umaze gushika kw’isemo rya mbere. Ku bwiwe, bazotumako abaririmvyi bo mu bihugu bibanyi n’abandi bo ku rwego rwa Afrika bakomakomeye gutyo iryo higanwa ribageze kw’isemo bipfuza.

Related posts

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu vyo muri kano karere.

Yvan Manager

Mark Carney umushikiranganji wa mbere mushasha wa Canada yatowe ku majwi 85,9.

Yvan Manager

Umurundi Thilo Kehrer akina AS Monaco yaje gukurikirana imigambi akorera mu Burundi.

Yvan Manager

Leave a Comment