InderoMuburundi

”Ikibazo ca reta cataguye neza muri rusangi” Umushikiranganji w’indero.

Abanyeshure bo mu mwaka w’icenda bashika 85 210 nibo bariko barakora mu gihugu cose ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya inyigisho z’inyuma ya shure shingiro catanguye kuri uyu wa mbere kikazorangira kuri uyu wa 3. Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi François HAVYARIMANA akaba yatangurije icese ico kibazo kw’ishure shingiro rya Butezi muri komine Giharo, intara ya Rutana. Arashima uko ikibazo catanguye agasaba abariko baragikora gukorana umwete kugira bazoronke amanota meza na rirya uyu mwaka abazokwiga baba mu ndaro bazokwongerezwa igitigiri.
Uyu mwaka ico kibazo kikaba gihagarariwe n’abigisha 2982, yamenyesheje ko yisunze ibiharuro vy’abariko baragikora, abakobwa ari bo benshi ugereranije n’abahungu. Igihe yari kw’ishure ya Butezi mu Rutana, ari naho yatangurije ku mugaragaro ico gikorwa, yasavye abanyeshure baba abo kuri iryo shure hamwe n’ahandi hose mu gihugu gukora batekanye. Yabasavye kandi gutegura ibindi vyirwa bikurikira ata bwoba, ngo n’uwonanirwa uwu musi ntace abona kabaye. Ngo azokora ibindi abitore, mu misi ibiri igiye gukurikira. Yasavye abanyeshure gukora bitanga cane, kugira ngo bashobore kuronka amanota meza azotuma baja mu mashure y’indaro. Umushikiranganji yamenyesheje ko mu mwaka uheze Reta yongereje amashure y’uburaro, ko n’uwu mwaka izokwongereza ayandi. Rero ngo ku munyeshure yokora neza, amashure ariho. Ku bwiwe, ngo kwiga mu mashure y’indaro bifise akamaro kanini, “kuko bituma umunyeshure aronka akanya kanini ko kwitunira ku vyirwa, ata kindi kimusamaza”.Havyarimana yaciye amenyesha ko impapuro abanyeshure bakoreyeko zizotangwa ku wa 25 Ruheshi uwu mwaka. Ngo kuva ubwo, abanyeshure bazoba bafise uburenganzira bwo kuja gusuzumisha, ari nk’aho abakosora boba barihenze. Ngo ico kiringo kizohera ku wa 05 Mukakaro, hama ubushikiranganji buce butegura ibijanye no kwunguruza abamenye.
Umushikiranganji w’indero ataguza ikibazo nyezina ca reta.
Ku bijanye n’abanyeshure bo mu ntara ya Rumonge baheruka kwirukanwa kubera kwigenza nabi, Umushikiranganji François HAVYARIMANA yamenyesheje ko hafashwe ingingo y’uko abo banyeshure bokora ikibazo, akavuga ariko ko hazoca haba amatohoza kugira bibonetse ko batari barenganijwe mu kwirukanwa,amanota yabo yo mu kibazo azoca aba impfagusa.

Related posts

Angeline Ndayishimiye yaserutse ku mpunzi z’Abanyekongo n’abarundi batewe n’imyuzure.

Yvan Manager

“Imana y’akandi karyo” ya Pastor Lopez itahukanye Isanganiro Award kuncuro ya 13.

Yvan Manager

Amagaba yaserukiye Uburundi mw’isabukuru ryo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Yvan Manager

Leave a Comment