InderoMuburundi

Hari hitezwe abanyeshure 53.989 bakora Extat mu gihugu cose.

Ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza catanguye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 08 Mukakaro mu gihugu cose, umushikiranganji w’indero François HAVYARIMANA,akaba yagitangurije ku mashure atandukanye yo mu ntara ya Gitega harimwo ishure rikuru rya Mwaro.

Abanyeshure 53.989 ni bo bitezwe gukora ikibazo ca reta giha uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza mu Burundi bwose. Muri abo, abakobwa nka 30.000, abarenga 1.100 na bo ni abasubiramwo.Kw’ishure rikuru rya Busiga hitezwe abanyeshure 699, kuri Don Bosco hazokorera abanyeshure 1190, kurya Musenyi hitezwe 653 nayo kw’ishure rikuru rya Kiremba hakazokorera abanyeshure 3066 nkuko bimenyeshwa na Jean Pierre Ndikuryayo umuyobozi w’indero I Ngozi.

Uwo muyobozi akavuga ko abigisha 61 bahagarikira ivyo bibazo (Extat) barikumwe kuva uyu munsi ico kibazo gutaguye.

Related posts

UE BAZOTANGA 20.000.000€ MU GISATA C’INYIGISHO SHINGIRO.

Buja Media

Ihiganwa ryo kwandika igitabo ku ncuro ya mbere, rizotunganwa n’uruganda rwo gusoma ibitabo.

Yvan Manager

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

Yvan Manager

Leave a Comment