InkinoMuburundi

Finale PlayOffs 2025: Izotagura muriyi Week-end.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Play Offs kizotagura muriyi week-end igenekerezo rya 6 Mukakaro gushika 20 Mukakaro, Urunani bazotana mu mitwe na Dynamo ibiri ikebana cane kuva mu 2020 hamwe no ku mirwi y’abigeme Les Hippos na Gladiators. Imirwi izokina kuruhande rw’abagabo hamwe no kuruhande rw’ abigeme, nkuko amategeko abivuga mw’ ihiganwa rya nyuma Finale bakina inkino 7, uwutagura gutsinda 4 akaba ariwe acatwara igikombe ca Play Offs uyu mwaka.  Izo nkino zica ikibiriraho ku mboneshakure ya Buja TV iri kuri shene 398 canal+ hamwe na 110 shene ya Star Times.

Inkino bizoba bigoye uko bihera kuko iyo mirwi yose yrashoboye kuzana abakinyi bari kurwego rukomeye muri Afrika uravye uburyo abo bakinyi babahemba gusa mu kiringo kitarenze ukwezi. Nkuko dukesha urutonde rwashizweho na Febabu berekana yuko imirwi yavuyemwo mu gice ca kabiri ciryo higanwa bazokina nabo kugira barondere ikibanza ca gatatu hamwe nica kane aho turamenyesha ko Les Hippos izokina na Remesha kuruhande rw’abagabo, no kurohande rw’abigeme Dynamo uzokina na Youngs Sisters.

Ivyo biruko umurwi utahukanye igikombe ca Play Offs ariwe uca userukira igihugu mu nkino za Road to Bal zijamwo imirwi yabaye iya mbere igatwara Play Offs mu bihugu vyabo, umwaka uhewe Uurunani rukaba rwaserukiye igihugu batsinze inkino zose za Road to Bal bica bibaha amahirwe yo kuba mu kibanza ca mbere mu muce barimwo..

Related posts

Volley-Ball: Rukinzo, ASB, PTT na Muzinga muri Final.

Buja Media

Burundi: Abayisilamu bahimbaje umunsi mukuru wa Eid el Fitri.

Yvan Manager

LUMITEL WOMEN’S LEAGUE: Fofila PF 20-0 RainBow.

Buja Media

Leave a Comment