Dieudonne Kwizera yasubiye kwizerwa kandi aratorwa irigira 2 ku majwi 21 kuri 23 kugira asubire gutwara ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi (FAB) mu nama ya bose yakoranije abagize iryo shirahamwe hari mu mpera ziyi indwi. Kwizera kubwiwe amenyesha yuko agiye kubandanya kurwiza amahiganwa y’abana bakiri bato kuva kurwego rwo hagati muburere uko ari 4 bugize igihugu. Iyo komite nyobozi nshash yatowe mu kiringo c’imyaka 4. Komite nyobozi wiyo shirahamwe nka bose baragarutse kandi.
Amazina y’abagize umurwi nyobozi n’aba bakurikira:Â
1/ Kwizera Dieudonné: Umukuru w’ishirahamwe FAB;Â
2/Uwitonze Emanuel: Icegera Umukuru w’Ishirahamwe;
3/ Haziyo Aloys, Umunyamabanga mukuru;
4/ Nsengiyumva Sylvère, Umuyobozi w’igihugu mu vy’ubuhinga;
5/ Bucumi Françoise, Uwukurikirana ivy’uburyo;
6/ Nizigama Aloys, Akurikirana ibikorwa muri rusangi;
7/ Ntakiyica Boduin, Icegera c’umunyamabanga mukuru;
8/ Ndikumagenge Félicité, Icegera c’umuyobozi w’ivy’ubuhinga .

Umukuru w’ishirahamwe FAB, Dieudonné Kwizera, yasubiye gutorwa, yashimye icizere inama nkuru yamushizeko, yongera avuga ko ico gikorwa ari ciza ariko kigoye. Yasezeranye gukora mu muco mwinshi no gukorana n’ibiro bishasha n’abaserukira amashirahamwe y’imikino y’abanonotsi yo mu ntara. Umukuru w’ishirahamwe FAB kandi yasezeranye kurondera uburyo bwo kurwiza amahiganwa no guha amahirwe abakinnyi b’Abarundi bo kwitabira mu mahiganwa atandukanye, kwongera amahugurwa ku batoza bakiri bato, hamwe n’amahugurwa yo gusubiramwo abatoza bashasha.