InkinoMuburundi

CECAAF 2025: Uburundi bwayakiriye bwatsinze 6-0 RDC.

Uburundi bwakiriye inkino za CECAAF z’abagendana ubumuga mu gisagara ca Bujumbura ku kibuga c’ikigo c’igihugu c’ Ubuhinga CTN uyu munsi igenekerezo rya 08 Nyakanga gushika 13 uku kwezi, iryo higanwa rikaba ryitabwe n’ibihugu 6 harimwo RDC, Tanzanie, Ouganda, Kenya hamwe na Zambiya. Uburundi bwatsinze ibitsindo 6 ku 0 igihugu ca RDC mu rukino rwo kugurura iryo higanwa. Ivyo birori vyatewe iteka rutanguzwa n’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo inkino, umupfasoni Lydia Nsekera ari kumwe n’uwutwara CECAAF kurwego rwa Afrika. 

Urukino rwari rwitabiriwe n’abantu batari bake, bafatiye ku mategeko agenga urwo rukino rukinwa ku kibuga gifise imetero z’uburebure 60 nizu bwaguke 40, hakina abakinyi 7, agace kamwe kamwe kamara iminota 25 gusa. Umunyegori ategerezwa kuba agendana ubumuga bw’ukuboko kumwe gusa ariko abakinyi bisaba ko bagendana ubumuga bw’ukuguru kumwe kwonyene.

Lydia Nsekera, Umushikiranganji w’inkino ahejeje guteguza iryo higanwa.

Ibitsindo vy’uburundi 3 muri 6 bikaba vyinjijwe na Justin Ndikumana, abandi batsinze ni Kwizerimana Trésor, Iragaba Aaron na Majambere Celestin.  Umumenyereza w’intamba mu Rugamba z’abagendana ubumuga Justin yatumenyesheje inyuma y’urukino avuga ko itsinzi ayikesha kuba barateguye neza urukino, afatako babarushije kubera ubuhinga Tecnique na Tactique agashima kubarorerezi kubona bahabaye kubwinshi ntaho ku mumenyereza w’igihugu ca Congo Sebastien amenyeshako batsinzwe bafatiye ku ngorane bahuye nazo zifatiye mu nzira aho bagiye baraca arashima kubona Uburundi bufise umurwi mwiza cane gose. Izindi nkino zizoshishikara kuba kurico kibuga nyene inyuma y’umutaga.

Uburundi turi mu kibanza kigira 12 muri Afrika, bakazosubira gukina na Zambiya ku munsi wa kane inyuma y’umutaga.

Related posts

Dieudonne Kwizera yatowe kandi gutarwa FAB imyaka 4.

Yvan Manager

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Yvan Manager

Sylvain Nzikoruriho yatowe gutwara ishirahamwe FEBUKA imyaka 4.

Yvan Manager

Leave a Comment