MuburundiUbutunzi

Brarudi yashize kw’isoko Amstel Bright ikinyobwa gishasha.

Ishirahamwe Brarudi ridandaza ibinyobwa yashize kw’isoko ikinyobwa gishasha Amstel Bright ikozwe mu bigori vyo muri kano karere kuva kuwa 19 Ntwarante 2025, Amstel Bright ya (65cl) izogurishwa amafaranga ibihumbi 5, iya (50cl) amafaranga ibihumbi 4. Brarudi imenyesha yuko ico kinyobwa kigiye kuboneka ahantu hose basanzwe bagurisha ibinyobwa vyabo mu gihugu cose. Image
Urubuga rwa X  banditse bashimira abakiriya babo kucizere babafitiye ”Na Amstel Bright, twiyemeje kongera kubaka ubushobozi bushingiye ku bushakashatsi, ibikoresho by’aho, n’ubuziranenge. Turashimira cyane abakorana natwe n’abakiriya bacu ku bw’icyizere cyabo n’inkunga yabo”.
Image
Amstel Bright, ije ikurikira ibindi binyobwa iryo shirahamwe rihingura ryaheruka gushira kw’isoko nka Vital’o, Primus Black, Primus Citron. Brarudi yataguye gukorera mu 1955, ibinyobwa birimwo umwambiro uboreza ntivyemewe kubari munsi y’imyaka 18.

Related posts

NGOZI: “Umuryango wose ushaka isukari urekuriwe ibiro 2 gusa.”

Yvan Manager

“Twihaye imyaka 5 y’urugamba rwo kurwanya ubukene” Reverien Ndikuriyo

Yvan Manager

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Yvan Manager

Leave a Comment