AmagaraMuburundi

BBN: Amarangi arimwo icuma bita ”plomb” bagiye kuyakura kw’isoko.

Uwurongoye ikigo BBN kijejwe kugenzura ubuziranenge mu Burundi yameyesheje k’ibice 58 kw’ijana vy’amarangi bagurisha ngaha mu gihugu arimwo icuma bita Plomb gituma irangi ryuma ningonga kandi rigume risa neza  ko ryuzuyemwo urugero rw’ubumara buregeye bwica kubana bakiri bato , Samuel Ndayiragije abishikirije afatiye ku cigwa cakozwe umwaka uheze nico kigo. Uwurongoye ico kigo BBN asaba yuko riva kw’isoko ntirisubire kwinjira mu gihugu. Ayo marangi bayasiga cane mu mazu hamwe n’imiduga

Mu ruganda ikigo BBN catunganije ejo haheze, Samuel Ndayiragije yagiranye n’abasanzwe bakora hamwe n’abadandaza ayo marangi, avuga ko mu cigwa cakozwe ku rwego rw’isi basanze ubwo bumara bubangangamira amagara y’abantu cane cane ay’abana bakiri bato. Ngo butuma mu bagira ingorane zitandukanye nk’izo mu bwonko, iz’amafyigo canke iz’amaraso.
May be an image of 1 person and dais
Samuel Ndayiragije atwara ikigo BBN.
Samuel Ndayiragije kuriwe amenyesha yuko mu bihugu vyo muri Afrika ndetse ni Buraya bamaze gushira mu ngiro iryo kurwa ryico cuma bita plomb bisunze amategeko abangenga yateweko umukono nivyo bihugu. Aheraheza ashimira amwe mu mahiguriro yamaze kubitahura harimwo Robialac ndetse agasaba ko abantu bagifise mu bubiko bwabo ayo marangi bokwihutira kuyakuraho burundu ndetse akava no kw’isoko ntaasubire no kwinjira mu gihugu.
Arashima ko amwe mu mashirahamwe arihingura amaze kubikora. Ku bwiwe, bazohimiriza abatarabikora nabo barikure kw’isoko kugira bakingire amagara y’abantu.

Related posts

Seychelles ntiratsinda Uburundi na rimwe mu nkino 8 zose zabahuje.

Yvan Manager

Amatora 2025: Imyiyamamazo yuguruwe icese n’Umukuru w’Igihugu.

Yvan Manager

Ibiharuro mfatakibanza vya rusansuma y’abarundi ni 12.332.788 vyemezwa na reta.

Yvan Manager

Leave a Comment