MuburundiUbutunzi

Amatoni 200 vy’ubutare vyashowe bihagarikiwe n’Umushikiranganji w’ubutare Hassan KIBEYA

Amatoni 200 y’Ubutare butandukanye nivyo vyahagarikiwe n’umushikiranganji w’Ubutare; Amasoko ntanganguvu, Amahinguriro, Ubudandanji n’Ingenzi,Docteur Hassan Kibeya, ubwo butare bwegeranijwe gusa mu ndwi 2, ivyo bikorwa vyabaye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Kigarama 2025, igihe yariko ararongora ibikorwa vyo gushora ubutare ku mugaragaro. Hassan Kibeya abona ko yamenyesheje ko bihaye ihangiro ko ku ndwi ku ndwi bazohora bashora ubutare, hanyuma bace batanga icegeranyo c’amafaranga yavuyemwo hagati y’amezi abiri n’atatu. 

Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko mu ndwi zibiri gusa, abajejwe ico gisata bashoboye kwegeranya :
– amatoni 40 y’icuma Coltan,
– amatoni 40 ya Wolframite,
– amatoni 66 y’amethyste,
– hamwe n’amatoni 23 ya Quartz.

Umushikiranganji Hassan KIBEYA ku ncuro ya mbere abihagarikiye.

Yaciye amenyesha ko ibibanza 63 bishasha vyatowe bigiye gutangura gucukurwamwo ubutare. Ikindi kandi, ngo amakoperative y’urwaruka yaragwijwe.Dr KIBEYA yamenyesheje kandi ko igisata c’ubutare kigiye kuba inkingi ikomeye y’iterambere ry’igihugu, kubera ingingo za Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi,  Evariste Ndayishimiye, yashize igisata c’ubutare mu vya mbere bihanzwe amaso mu nzego z’iterambere.

Iyi ntumbero ijana neza n’ikete ndangamigambi rya “Burundi 2040-2060”, rihamagarira gukoresha neza umutunga kamere kugira habeho ukwiyongera kw’ubutunzi, ivyinjira vy’abanyagihugu, itangwa ry’akazi, hamwe no guteza imbere imibereho myiza y’Abarundi bose.

Related posts

Ubuserukizi bw’Ubuganda mu Burundi bwarashimye intambwe y’abanyeshure b’abarundi bize muri ico gihugu.

Yvan Manager

PlayOffs 2025: Urunani na Gladiators batsinze Game 2.

Yvan Manager

Ibitsindo 21 vyaranze indwi ya 14 muri Primus Ligue Burundi.

Yvan Manager

Leave a Comment