Umwungere mukuru wa Katorika papa François amaze iminsi amagara amukitse ari mu bitaro Gemelli mu burengerazuba bwa Roma ariko afashwa guhema na bimwe mu vyuma bita Cannulas Nasal. Amaze iminsi 26 mu bitaro. Uyu munsi kuwa 12 Ntwarante mu masaha yo mw’ijoro ku masaha yo mu Burundi niyo haza gusohoka itangazo rishasha rimenyesha neza uko amagara azoba yifashe atari y’imfatakibanza.

Papa François yinjiye ibitaro kuwa 14 Ruhuhuma biturutse kurwara y’amahaha, abariko barakurikirana hafi amagara yiwe bavuga yuko azoguma mu bitaro kugira bashishikare bamukurikirana kugira ntihahave hinjira izindi mikorobe nshasha zotuma asubira kuremba. Isaha umunani n’igice z’ijoro, Vatikani yatanze, nk’uko bikorwa buri gitondo, amakuru ya mbere kuri Telegram y’ibiro bitangazamakuru vya Holy See, mu gitaliyano: “Papa yamaze ijoro atekanye, aruhutse neza.”
Nkuko amakuru yiwe tuyakesha ikinyamakuru Vatican Info, amenyesha yuko ku myaka 88 afise amagara yiwe yifashe neza. kurubuga rwa X rwa Papa François hariko amwe mu majambo yo kuremesha abarwayi biboneka yuko yamaze kwitahura ibihe nawe arimwo yanditse uku gukurikira: ”Niyumvira ko abantu benshi bari hafi y’abarwayi kandi ari ikimenyetso cuko Imana iba ihari. Dukeneye igitangaza c’ubugwaneza,” giherekejwe n’abari mu kigeragezo, kizana urumuri ruto mw’ijoro ry’umubabaro”.