InkinoMuburundi

Vision FC izoshobora kugumana ikibanza ca mbere kuriyi ndwi igira 10?

Indwi igira 10 y’umunsi wayo wa Primus Ligue Burundi 2025-2026 izotagura aho bukera, ku bibuga 5 vyose bizokinirwako iryo higanwa dushobora kubonamwo ibitsindo vyinshi cane kurusha ku ndwi yahera. Hari inkino 2 abantu benshi barindiriye kumenya uwuzosinda. Aigle Noir CS izokina na Rukinzo FC aho bukera ku kibuga Nkurunziza Peace Park Complexe inyuma ya Aigle Naoir izoba igarutse mu gihugu. Gushika ubu, ikibanza ca mbere kirimwo umurwi wa Vision 2026 FC vy’ imfatakibanza na manota 21 naho ikibanza canyuma kirimwo BS Dynamik.

Haracari kare kumenya neza na neza uko ino ndwi izohera ku mirwi iyi niriya bivanye nukuntu imirwi yagiye iratagura neza cane nabi bivuye ku bintu bitandukanye tutokwiyobagiza biri hagati mu murwi. Kayanza Utd izokina na Olympic Star, imirwi 2 bisa nkuko yoba isagiye akarere. Butanyerera izohura na Buhumuza, mbega abantu bibaza ko azoba ari inguvu zi ntara? Kayanza Utd n’umurwi uri imbere mu kibanza kurusha Ngozi City na Le Messager Ngozi boe basagiye intara ariko Olympic Star nabonyene biyita “Inyenyeri ya Buhumuza”.

Peut être une image de texte qui dit ’B BUI BURUNDE UNDE PRIMUS LIGUE BURUNDI 2025-2026 PRIMUS LIGUE JOURNEE 10 AIGLE NOIR Cs 15H00 SAMED LE NOV TADE NPPC RUKINZO KAYANZA UNITED 15H00 SAMEDILE NOV STADE GAT WARO OLYMPIC STAR B.S DYNAMIK 13H00 SAMEDILE NOV STADE URUNANI VISION 2026 FC MUZINGA 15H45 SAMEDIL NOV STADE JRUNANI PRIMUS G VITAL'OFC FLAMBEAU DU STIE 15H00 SAMEDILE NOV STADE INGOMA INTER STARS GARAGE EXPRESS 15H00 DIMANC NOV TADE INGOMA BG GREEN MAZE MESSAGER NGOZI 13Hoo DIMANCHELE L 2NOV| STADE URUNANI BUMAMURU MUSONGATI FC 15H45 DIMANCHE 2NOV STADE JRUNANI NGOZI CITY IBET FIFA+ eлo 25-26 wWW. WWW.FFB.BI’
Urutonde uko imirwi izohura ku ndwi ya 10.

Flambeau du Centre izoza isa niyorohewe cane naho atawusya bwose urukino rutarahera ariko nkababirabira hagufi barabonako ishobora kuzoyitako ishavu kubera Flambeau du Centre yari yamaze kwizera kuja muri phase yama groupe.

 

 

Related posts

Umushikiranganji w’imico n’akaranga mw’isabukuru Amagaba waserukiye igihugu i Addis Abeba.

Yvan Manager

Ikinyamakuru Yaga cemerewe kandi gusubira gukora.

Yvan Manager

Umwihwezo wuko ihiganwa ryaringiye muri Primus League Burundi 2022-2023.

Yvan Manager

Leave a Comment