Indwi igira 10 y’umunsi wayo wa Primus Ligue Burundi 2025-2026 izotagura aho bukera, ku bibuga 5 vyose bizokinirwako iryo higanwa dushobora kubonamwo ibitsindo vyinshi cane kurusha ku ndwi yahera. Hari inkino 2 abantu benshi barindiriye kumenya uwuzosinda. Aigle Noir CS izokina na Rukinzo FC aho bukera ku kibuga Nkurunziza Peace Park Complexe inyuma ya Aigle Naoir izoba igarutse mu gihugu. Gushika ubu, ikibanza ca mbere kirimwo umurwi wa Vision 2026 FC vy’ imfatakibanza na manota 21 naho ikibanza canyuma kirimwo BS Dynamik.
Haracari kare kumenya neza na neza uko ino ndwi izohera ku mirwi iyi niriya bivanye nukuntu imirwi yagiye iratagura neza cane nabi bivuye ku bintu bitandukanye tutokwiyobagiza biri hagati mu murwi. Kayanza Utd izokina na Olympic Star, imirwi 2 bisa nkuko yoba isagiye akarere. Butanyerera izohura na Buhumuza, mbega abantu bibaza ko azoba ari inguvu zi ntara? Kayanza Utd n’umurwi uri imbere mu kibanza kurusha Ngozi City na Le Messager Ngozi boe basagiye intara ariko Olympic Star nabonyene biyita “Inyenyeri ya Buhumuza”.

Flambeau du Centre izoza isa niyorohewe cane naho atawusya bwose urukino rutarahera ariko nkababirabira hagufi barabonako ishobora kuzoyitako ishavu kubera Flambeau du Centre yari yamaze kwizera kuja muri phase yama groupe.
