Umumenyereza w’umurundi Étienne Ndayiragije amenyereza umurwi Polici FC yaraye atahukanye igikombe c’ihiganwa rikuru FKF Premier League ryo mu gihugu ca Kenya. Etienne Ndayiragije yashitse muri uwo murwi uri mu kibanza ca nyuma ku manota 3 acashika mu gice ca kabiri gishira ciryo higanwa(Phase Retour). Uwo murwi ukukira igipolisi cico gihugu. Salim Mvurya umunyamabanga mu biro vy’ubushikiranganji w’urwaruka yakeje uzo murwi ababwira kitsinzi yavuye kukuntu bitwaye neza, ubushikiranganji bwiyemeje gushigikira ama clubs biciye muri ryo higanwa rikuru.
Etienne Ndayiragije agishika muruwo murwi, urukino rwa mbere yashitse atsinda 3 kuri 1 bimworoheye cane gose umurwi Nairobi City Starm bitanga iciwere kinini no kuyindi mikino yakurikiye baciye bakwiza intsinzi 2 mu nkino 9, bakaba bari mu kibanza ca 13 ku migwi 15 ariko bari bafise inkino 2 z’ibirarane. Uyo mugwi wa Police FC wo muri Kenya warumaze gutsinda urukino rumwe gusa muri 8 bari bamaze gukina.

Abicishije kurubuga rwa Facebook rwiwe Salim Mvurya yanditse aya majambo yo gushima “Dushimiye ikipe y’umupira w’amaguru ya Kenya Police Football Club ku ntsinzi idasanzwe yatsinze nk’abatsindiye igikombe ca mbere ca Kenya 2024-2025. Iyi ntsinzi rigiye muri kahise keza mwerekanye kubera mwitwya neza mu kubahiriza amategeko y’ihiganwa. Ivyo mwakoze mu kiringo cose c’umwaka vyatumye abakunzi banyu bishimira kandi bongera kubakunda ndetse birwiza intambwe umupira w’amaguru ugezeko mu karere. Nk’ubushikiranganji, tuzoguma twiyemeje gushigikira imirwi biciye muri FKF no gukomeza kubashigikirs bizotuma ubuhinga butera imbere n’inkur. Murakoze cane, FC ya polisi ya Kenya! Iryo zina ryawe rirakwiriye cane!”
Tubibutse ko Etienne Ndayiragije yaraherutse kwumvikana n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kugira bahagarike amasezerano bari bafitaniye yo kumenyereza umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba.