Uburundi bwakiriye inkino z’isi mu rukino rwa Tennis ryitwa #WTF50 kuva uyu munsi kuwa 23 Ntwarante gushika ku wa 6 Ndamukiza, mu gisagara ca Bujumbura abakinyi 62 bo mu bihugu bitandukanye nibo bazoba bitavye iryo higanwa bakomoka mubihugu 32 nka France, Italie, USA, Espagne n’ibindi ikazomara indwi 2. Gilbert Nibigirwe arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Tennis mu Burundi amenyesha yuko ishirahamwe mpuzamakungu mu rukino rwa Tennis ryagiriye icizere Uburundi kubera gisanzwe ari igihugu kirangwamwo ikirere kimeze neza ibihe vyose.

Gilbert NIBIGIRWE nawe asanzwe arongoye Ishirahamwe ry’urukino rwa Tennis mu Burundi yagarutse igituma Uburundi buguma bwizerwa mu gutunganya ayo mahiganwa mpuzamakungu ya Tennis, yavuzeko Uburundi busanzwe bwakira neza ingenzi, bufise kandi ibibuga vyiza cane, abanonotsi hamwe n’ abamenyereza baje mu Burundi bama batanga amanota meza cane ku gihugu cacu ndetse no kw’ishirahamwe ryacu baravye uko ihiganwa ritunganijwe nuko baba bakiriwe, ngivyo vyose rero bica bituma batugirira icizere kirenze mw’ishirahamwe mpuzamakungu rya Tennis kw’isi. Ubu bukaba bubaye ubugira 3 Uburundi bwakira iryo higanwa. Ubwambere yari WTF25; ubwa kabiri ni WTF35 ubu naho ni WTF50.

Umurundikazi Nahimana Sada arahumuriza abarundi yuko azokwigenza neza kuko abo bose bama bahuye ati: “Abakinyi nka bose bazoza baje gukina rino higanwa mu Burundi twama twahuye kenshi, turazinanye ndazi n’ukuntu bakina. Jewe nariteguye guhangana na bo, kandi ndizeye ko nzokwigenza neza”.
Iryo higanwa mpuzamakungu ryabo bigeme babigize umwuga ryataguye ku w’Imana igenekerezo rya 23 Ntwarante mu nkino z’amajonjora igihe c’isaha zine (10h) rihere icumi (16h) ku kibuga ca Entente Sportive de Bujumbura, kumusi hazoza hakinwa inkino ziri hagati ya 15 na 20. Abajejwe gutegura iryo higanwa bamenyesha kubipfuza kurorera izo nkino bazoriha ibihumbi 10 ku bakuze, n’ibihumbi 5 ku bakiri bato. Ihiganwa rishitse muri Demi-Finale na Finale, abakuze bazoca bariha ibihumbi 20. Amakuru twaronse nuko nuyu munsi ku masaha yo mw’ijoro hari abandi bakinyi baza gushika.












