Ahejeje kwirahira atsinda bimworoheye cane amaseti 2 ku busa, Sada Nahimana atahukanye ibikombe 2 bikomeye mw’ihiganwa rya WT50 rihejeje kuba mu gisagara i Bujumbura ku kibuga ca Entete Sportive atsinze Sarah Rajanoah Rakotomanga agira 299 ku rutonde rwisi muri Tennis ava mugihugu c’Ubufaransa amurushije (6-3, 6-2) kuva mu ntango gushika urukino ruhere. Sada yongereje amanota ashika100 mu kibanza ku rutonde rw’isi muri tennis. Iri higanwa ry’akiriye abakinyi 62 bavuye mu bihugu 32.
Ikibuga cari cuzuyemwo abarundi batari bake bari baje kuraba urukino rwa nyuma rubahuza, habonetsemwo abana baba muri karitiye ya Buyenzi b’ababanyi ba Sada. bavyari bigoye kubona uko biza guhera neza na neza. Sada asubiye kwerekana yuko umwanya amaze kwishura afandikanya nivyo kwitwararika urwo rukino yabigize umwuga atamwanya ariko arata mu gihugu c’Ubufaransa ariko arimenyerezayo kinyamwunga. Kuva iri higanwa ritagura Sada ntiyigeze atakaza urukno na rumwe kubwiwe agitagura yabwiye Buja Media yuko abakinyi bose asanzwe abazi katabwoba bamuteye kubera basanzwe barahuye muyandi mahiganwa ahubwo kubwiwe yari anyotewe gutwara igikombe akagitwarira mu gihugu iwabo.
Ico umwana w’umwami aririye arakironka. Ugutsinda kwiwe biciye bimuha amanota menshi 100 bihindure n’urutonde rw’ikibanza muri tennis kw’isi yose. Umurundikazi Sada Nahimana yahora mu kibanza ca 336 mu rutonde uko barushanwa ku rwego rw’isi nuri tennis, kuva aho bukera agiye kuduga ikibanza kubera atahukanye ibikombe 2 mw’ihiganwa rimwe.



