Inkino za Primus Ligue zarabandanije ziraba kundwi igira 24 ziryo higanwa mugihe bari bahagaritse indwi 2 kubera hari inkino zo guserukira igihugu. Umurwi Aigle Noir uracari mu kibanza ca mbere n’ amanota 55, umurwi wa nyuma ni LLB Amasipiri ufise amanota 9 umaze gutakaza inkino 21. Sahabo Parris Latino amenyereza Vital’O yasavye abakinyi biwe gutagura kinjiza ubwa mbere.
Urukino rwari rurimwo ibiharuro vyinshi, yari inkino Aigle Noir nurwa Bumamuro kubera iyo hagira iyitsindwa murizo yaca itakaza ikibanza ca mbere kumvo zuko Aigle Noir yaruta amanota 2 gusa Bumamuro kandi urukino urutsinze ucuronka amanota 3.Urukino rwa mbere rwatanguye isaha indwi, Vital’O yatsinze mu gice ca mbere ku bitsindo bibiri ku busa(2-0). Ngozi City yashoboye kwinjiza igitsindo mu gice ca kabiri, ariko Vital’O yashoboye kugumana intsinzi yayo maze itahukana amanota atatu.

Urukino hagati ya Vital’o na Ngozi City rwabereye ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke, abamenyereza bomi baragize ico bavuga inyuma y’urukino. Sahabo Parris Latino amenyereza Vital’O yasavye abakinyi biwe gutagura ikinjiza ubwa mbere: “Nari natumye abakinyi kurondera ibitsindo mu minota ya mbere y’urukino, kubatanga kwinjira mu rukino nico kintu camfashije gutsinda urukino”. Kurahande rwa HARUSHA Mohamed amenyereza wa Ngozi City ati: “Kubera abakinyi banje bakiri bato vyasaba ko binjira mu kibuga babanje kwishusha ariko siko vyagenze ku mvo z’uko hariko habera urundi rukino”.

Urukino rwa kabiri, rwatanguye isaha icenda, umurwi Vision 2026 FC uhura na Bumamuru. Inyuma y’iminota mirongo ine n’itanu ya mbere bagiye mu karuhuko atagitsindo batsndanye. Mu gice ca kabiri c’urukino, Bumamuru yatsinze ibitsindo bibiri bituma baronka amanota atatu. Urwo rukino rukaba rwarangiye ari ibitsindo bibiri ku busa(2-0). Iyi ntsinzi ituma Bumauru iguma mu kibanza ca kabiri n’amanota mirongo itanu n’atatu(53) inyuma ya Aigle Noir CS iri ku mwanya wa mbere n’amanota mirongo itanu n’atanu(55).
Ivyo biruko mu gihe imigwi inganya amanota ikurikirana uku: Rukinzo uzigamye ibitsindo 23, Vital’o ni 21hamwe na Olympic Star ari 15. Academy Deira uheranye ibitsindo 31 mugihe Moso Sugar ari ibitsindo 42.