Inkuru y’umubabaro yazindutse ikwiragizwa mu binyamakuru vyose vyemeza yuko Papa Francis ahejeje kwitaba Imana uyu musi kuwa 21 Ndamukiza 2025 ku myaka 88, inyuma y’ukwezi kumwe avuye mu bitaro arwaye indwara y’umusonga yandukira, Papa Francis, nk’uko vyatangajwe ku mboneshakure yi Vatikano. Papa Francis yagaragay ubwa nyuma ku musi w’Imana, mu birori vya Pasika ku kibanza ca Petero Mweranda i Vatikano. Umukuru w’iguhugu c’Uburundi ahejeje kwandika kurubuga X ubutumwa bwo ahoza Ekleziya Gatolika yo mu Burndi ndetse niyo kw’isi yose.
Itangazo ryukumenyesha urwo rupfu ryaciye ku mboneshakure yi Vaikano na Cardinal Kevin Farrell “Bavukanyi na bashiki bacu bakundwa, n’umubabaro mwinshi ntegerezwa kumenyesha urupfu rwa Papa wacu Fransisko, nk’uko yabimenyesheje kuri televiziyo y’i Vatikano. Isaha 7:35 zo mu gitondo, Musenyeri w’i
Roma, Fransisko, yagiye ku nzu ya Dawe”.
“N’umubabaro mwinshi numvise urupfu rw’Umweranda Papa Fransisko. Ndahojeje Ekleziya Gatolika yo mu Burundi no kw’isi yose. Ndibuka ubutumwa bwiwe bw’ukwemera n’ikiremwa muntu igihe nagendeye i Vatikano muri Ntwarante 2022”.
Papa Francis yavuye mu bitaro vya Gemelli i Roma itariki 23 z’ukwezi kwa gatatu, inyuma y’indwi zitanu akira kubera indwara y’umusonga incuro zibiri. Naho abaganga bamugiriye inama yo kuruhuka amezi abiri, yari amaze kugaragara ku mugaragaro muri iyi misi ya vuba, abonana n’isinzi ry’abantu hamwe n’abizera. Yagaragaye ku musi w’Imana igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2025, mu gihe c’umusi mukuru wa Urbi et Orbi, mu guhimbaza Pasika. Mu maso ataboneka neza, asa n’uwubabajwe cane, yamara yari yasabwe guha uwo bakorana umwanya wo gusoma igisomwa ciwe, kuko yashobora kuvuga amajambo makeyi gusa, ijwi ryiwe rikaba ritasohoka neza. Yarashikirijwe kandi n’isinzi ry’abantu bari mw’ibarabara, hagati y’ibihumbi vy’abizera mu kibanza ca St. Peter’s Square.
Kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza, imbere y’imisi mikuru ya Pasika, yarabonanye kandi n’icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika J.D. Vance mu nama ngufi. Ico kiganiro cari gifise intumbero yo kugabanya ukutumvikana hagati y’ubutegetsi bwa Trump na Papa Francis, ivyiyumviro vyabo ntivyumvikana ku bibazo vyinshi, harimwo n’abimukira. Papa yatowe mu 2013 inyuma y’ugutanga imihoho kwa Benedigito wa XVI. Mu kiringo ciwe cose c’ubupapasi, umunyamerika wa mbere w’Epfo arongoye Ekleziya Gatolika yarakoze mu kuvugurura iyo nyigisho, yongera ashimika ku kamaro k’ubufatanye, na cane cane ku bimukira.