Impamvu 2 zatumye Inkino Intamba mu Rugamba z’Uburundi bwokinye zarasivye Comores na Zambie kuko ivyo bihugu vyose vyarakuyeko Uburundi ku bihugu bazokina. Zambie yaraye itangajeko itazokina n’Uburundi ahubwo izokina na Africa y’epfo hamwe na Angola. Uburundi bwaribwaripfuje gukina na Comores kugira ize gukinira ngaha mugisagara ca Bujumbura Ariko Comores ica yereka uBurundi ko yo yamaze gupanga gahunda yayo yizindi nkino !
Comores harageze yaho uburundi buyandikira kuvyekeye urwo rukino ikishura haciye amasaha 6 Niko guca uburundi buyibwira ko batevye kwishura bwisubirako bugapanga izindi gahunda.
Comores ntabwo yongeye kubasubiza ubutumwa nabumwe kuko ntamuntu numwe womumugwi nserukiragihugu w’uBurundi canke womuri ffb yavugana nabo muri Comores kuko urukino rwarirufiswe n’umu commissionaire birangira Comores ibonyeko atanyungu nimwe yokura murukino yokina n’uBurundiMunyuma niho uBurundi bwiyumvira ko gukina na Zambie nayo yahavuye isiba biturutse kukikibazo camatike yindege.

Impamvu umugwi nserukiragihugu w’uBurundi rero wiyumviriye abakina ngaha nikuberako izinkino zagicuti zamwizindwi FIFA iba yatanze yakaruhuko iyo utazikinye ukazirengagiza uracibwa ihadabu kandi nokugira abarihiwe amatike yindege baza ntapfe ubusa . Nkwibutseko Umugwi nserukiragihugu w’uBurundi wabakina ngaha mu Burundi (locaux) uyumwaka atahiganwa barigutegura Kuko niryo barimwo batageze kure kandi Nkwibutseko Abakinyi ba Flambeau du centre na Vision batumweko mwuyo mugwi bafise urukino uwumunsi kandi nokuwagatandatu bazoba barimurukino mumugwi nserukiragihugu w’uBurundi
Ishirahamwe FFB Ntabwo iratanga itangazo Ryemeza ko u Burundi butazokina na Zambie mugihe zambie yoyo yaraye itangajeko izokina inkino zayo zibiri urwo bazokina na Africa y’epfo Itariki ya 15 nurwo bazokina na Angola igenekerezo rya 18 munyunyo muri Angola bakaba bavuzeko batazokina n’uBurundi kubwikibazo c’ubuhinga ( technical reasons) . Wewe ubivuzekwiki nigipimo ciza ? Wewe uzoshigikira bande ?
