IbigezwehoMuburundi

Emmanuel Sinzohagera yatowe kuba musenyeri mw’ishengero Méthodiste Unie.

Emmanuel Sinzohagera ahejeje gutorwa ku majwi 48 kuri 60, atorwa kuba Umusenyeri (Bishop) mw’ishengero Méthodiste unie mu nama nkuru y’Afrika yariko ibera i Johannsburg kuwa 13 gushika 17 Ntwarante.Hari hakenewe amajwi 40 gusa kugira abahejeje gutorwa, abaye uwa mbere Musenyeri muri Afrika yo hagati. Kuwa 16 Ntwarante 2025, azohezagirwa imbere y’amategeko gutagura ayo mabanga nyezina.

Bishop Daniel Wandabula (left), Africa Central Conference College of Bishops president, congratulates the Rev. Emmanuel Sinzohagera of Burundi after he was elected a United Methodist bishop on the first ballot March 15 at the Africa Central Conference in Johannesburg. At left, Bishop Joaquina F. Nhanala of the Mozambique Episcopal Area looks on. Photo by Eveline Chikwanah, UM News.
Musenyeri Daniel Wandabula akeza Emmanuel Sinzohagera w’u Burundi (Photo UM News)

Ayo makuru tuyakesha ikinyamakuru mpuzamakungu « UM News », kijejwe gushikiriza amakuru y’iryo shengero. Mw’ijambo yashikirije Musenyeri mushasha Emmanuel Sinzohagera ahejeje gutorwa yagize ati:”Iyerekwa ryanje k’Uburundi ni gukurikirana yu ko ishengero ry’abametodiste “United Methodist Church riguma ari inkingi y’ivyizigiro, urukundo mu Burundi no hanze yayo, n’umunezero mwinshi kuri jewe, umuryango wanje hamwe n’ishengero ry’Uburundi,  Imana mushoboravyose ihabwe icubahiro”.

May be an image of ‎3 people and ‎text that says '‎CH صی‎'‎‎Emmanuel Sinzohagera afise kandi urupapuro rw’umutsindo rudasanzwe(Dotorat) muri Kaminuza ya Nicosia hamwe na Wesley Theological Seminary, ishami ry’ishengero ry’abametodiste (United Methodist Church) i Washington. Emmanuel abaye Umusenyeri wa kabiri w’umunyafrika ahejeje amashure yisumbuye  muri Panafricain United Methodist University.

May be an image of 6 people, dais and text that says 'WELCOME to THE AERICA ARICA AFRIC CENTRAL CONFERENCE Mozambique Episcopal Area 13-17 March 2025 UNITED METHODIST CHURCI OHANNSBURG, TH AFRICO OHANRENNN វកុិំន WDRCOSTn +'Emmanuel Sinzohagera yubakanye na Rev. Delphine UWIMANA, afise imyaka 50, afise abana 4.

Ikinyamakuru Buja Media kiramukeje murayo mabanga mashasha yizewemwo.

Related posts

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Yvan Manager

Rally: Prime Uwikunda na Prince Basabose batahukanye ihiganwa ”Boucles de l’Imbo”.

Yvan Manager

Burundi: National Prayer Breakfast 2025 ku ncuro igira 16.

Yvan Manager

Leave a Comment