Emmanuel Sinzohagera ahejeje gutorwa ku majwi 48 kuri 60, atorwa kuba Umusenyeri (Bishop) mw’ishengero Méthodiste unie mu nama nkuru y’Afrika yariko ibera i Johannsburg kuwa 13 gushika 17 Ntwarante.Hari hakenewe amajwi 40 gusa kugira abahejeje gutorwa, abaye uwa mbere Musenyeri muri Afrika yo hagati. Kuwa 16 Ntwarante 2025, azohezagirwa imbere y’amategeko gutagura ayo mabanga nyezina.

Ayo makuru tuyakesha ikinyamakuru mpuzamakungu « UM News », kijejwe gushikiriza amakuru y’iryo shengero. Mw’ijambo yashikirije Musenyeri mushasha Emmanuel Sinzohagera ahejeje gutorwa yagize ati:”Iyerekwa ryanje k’Uburundi ni gukurikirana yu ko ishengero ry’abametodiste “United Methodist Church riguma ari inkingi y’ivyizigiro, urukundo mu Burundi no hanze yayo, n’umunezero mwinshi kuri jewe, umuryango wanje hamwe n’ishengero ry’Uburundi, Imana mushoboravyose ihabwe icubahiro”.
Emmanuel Sinzohagera afise kandi urupapuro rw’umutsindo rudasanzwe(Dotorat) muri Kaminuza ya Nicosia hamwe na Wesley Theological Seminary, ishami ry’ishengero ry’abametodiste (United Methodist Church) i Washington. Emmanuel abaye Umusenyeri wa kabiri w’umunyafrika ahejeje amashure yisumbuye muri Panafricain United Methodist University.
Emmanuel Sinzohagera yubakanye na Rev. Delphine UWIMANA, afise imyaka 50, afise abana 4.
Ikinyamakuru Buja Media kiramukeje murayo mabanga mashasha yizewemwo.