Inama Nshingamateka y’Uburundi yatunganijeibirori vy’amasengesho n’akavunamusase (National Breakfast Prayer) yo mu gitondo ku ncuro ya 16, mu kibanza c’Ingoro y’Inama Nshingamateka i Kigobe vyari vyatewe iteka n’Umukuru w’Igihugu. Ku civugo giti: “Umwizera afise icizigiro” (Yobu 14:7-9), caritabwe n’abanyacubahiro bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’abashitsi bavuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bari muri komite itegura igisabisho c’igihugu cabereye i Washington kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 31 Ntwarante 2025.
Uwo mugigwa watanguriye ubwa mbere muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ukaba waciye ugenda urashwara ibindi bihugu, ukaba washitse mu Burundi mu mwaka wa 2006 aho amasengero y’akavunamusase ya mbere yatunganijwe.

 Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu, yashikirije ibintu 4 bituma Abarundi tugira ivyizigiro:
1. Imana yaratwiyeretse: Uravye aho Uburundi bwavuye, imyaka n’imyaka buri mu ngwano zidahera, Abarundi turicamwo imice, ariko ubu tukaba twarasubije hamwe tukaronka amahoro n’umutekano, Imana yashatse kutwereka ko ifitiye Uburundi imigambi myiza;
2. Uburundi ni igihugu c’amata n’ubuki, igihugu Imana yahezagije ubutunzi kama, amazi meza, imisozi hamwe rero n’ubutare;
3. Ubu Abarundi turi umwe, dusenyeye ku mugozi umwe, twaratahuye ko turi magiriranire, umwe wese yumveko mugenziwe afise ico amurushije yomuha;
4. Imana yaraduhaye imbonakazoza. Ubwa mbere twari tumeze nk’inkoko ntitwabona iyo tuja, ubu rero Uburundi ni igihugu gifise kazoza, kandi tuzobishikako kuko Imana itubwira iti ” ntimutinye, ndi kumwe namwe”.
Uwashikirije ubutumwa, yasavye abari aho kugira ijisho rigira gatatu, rishobora kubona ayandi mabanga Imana iduhishurira adashobora kubonwa n’arya maso abiri umuntu wese asanzwe afise.