InkinoMuburundi

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

ku ndwi igira 10 ya Primus Ligue habonetsemwo igitangaza benshi nubu bataratahura uko vyagenze, umurwi wa BS Dynamik uri mu kibanza ca nyuma utsinda 1-0 Vision 2026 FC  wari mu kibanza ca mbere mu rutonde mfatakibanza n’amanota 19. Ibitsindo 13 nivyo batsinze, imirwi 3 iragabura amanota, 5 iratsinda. Ikindi kintu cibonekeje nuko umurwi watsinze vyinshi ari 2, nawo ni Aigle Noir CS na Vital’0 FC gusa. Aigle Noir CS iraye mu kibanza ca mbere n’amanota 21 ariko ifise ibirarane vy’inkino 2 itakinye. Gushuka ubu nyene Ineza Adbi afise ibitsindo 8 mu nkino 9.

Ibitanganza vyabaye nu kubona BS Dinamik utsinda Vision 2026 FC, imirwi yose isangiye ikibuga biboneka ko Vision 2026 FC yari ifise abarorerezi benshi. BS Dynamik yaronse amahirwe make yo gushikira kwigori ya Vision FC ariko murako gake nyene niho yaciye ironkeramwo igitsindo. Kuruhande rwa Vision FC barakinye neza ndetse bararusha bimwe biboneka ariko urukino ruza guhera batakaje amanota 3.Gushika ubunyene mu rutonde rw’imfatakibanza Vision 2026 FC yaciye itakaza ikibanza ca mbere. Urundi rukino benshi bagize ico baruvugako n’urukino Ngozi City yatinze 1-0 Bumamuru FC  ku kibuga cabo imbere y’abarorerezi benshi bakunda uw murwi.

Uko imirwi yatsindanye:

1/ Aigle Noir CS 2-1 Rukinzo FC
2/ Kayanza UTD 1-1 Olympic Star
3/ BS Dynamik 1-0 Vision 2026 FC
4/ Muzinga FC 1-2 Vital’O FC
5/ Flambeau du Centre 1-0 Inter Star

6/ Garage EX FC 1-1 Messanger Ngozi
7/ Bumamuru FC 0-1 Ngozi city
8/ BG Green FC 0-0 Musongati FC.

Imirwi ya Flambeau du Centre na Aigle Noir ifise inkino z’ibirarane batakinye kubera bari baserukiye igihugu mu nkino z’imirwi yabaye iya mbere u bihugu vyabo, izo nkino bazoba bazikina kuyindi minsi itandukanye niyiri ku rutonde rutegekanijwe.

Related posts

Urukino rwahuza URUNANI na Dynamo ntirwaheze kubera imvura.

Yvan Manager

LUMITEL WOMEN’S LEAGUE: Fofila PF 20-0 RainBow.

Buja Media

Amatora 2025: Imyiyamamazo yuguruwe icese n’Umukuru w’Igihugu.

Yvan Manager

Leave a Comment