Umukinyi Jean Jacques Boissy atsinda amanota menshi mu rukino rumwe bigatuma inkino zose bamaze gukina batahana itsinzi nmu nkino z’ihiganwa rya BAL iriko ibera mu gihugu c’Urwanda akinira umurwi Al Ahli Tripoli wo mu gihugu ca Libye. Atsinda amanota 27 kurukino muri 4 yakinye. Iryo higanwa bita Conference du Nil yataguye kuwa 17 Rusama rikazohera kuwa 25 Rusama ku kibuga BK Arena mu Rwanda.

Jean Jacques Boissy niwe asenya akavoma muruwo murwi narirya, yerekanye kariwe ashobora gufata umurwi akawuheka wenyene akawushikana kuyindi ntambwe abahaye itsinzi ya mbere, mu gihe bari bahuye na Made By Ball (87-77), aho yinjije amanota 28 harimwo 24 harimwo atatu incuro zitandatu. Afise amanota 26 n’ikigereranyo c’ibitsindo vyinshi ku manota atatu yinjijwe n’umukinnyi mu rukino umwe muri iyi higanwa rya saison ya Bal. Yabaye umukinyi mwiza noneho mu rukino rwabahuza na APR yo mu Rwanda batsinze (90-68), urukino rwaheze afise amanota 27, 4 rebounds na 4 interceptions, atanga itike ryo kubandanya ku murwi wiwe. Ejo haheze, yagaragaye mu kugerageza gutsinda amanota 26 na 3 rebounds, nk’uko bataye bashitse mu nziraibashikana murukino rwa nyuma «Final 8». Boissy biramaze kuboneka yuko ihiganwa ryose akina haba muri Viva Basketball League akinira umurwi w’Urunani ariwe yatsinze amanota menshi, n’umurwi akinamwo muri REG uri mw’ihiganwa Rwanda Basketball League ariwe atsinda amanota menshi.Nairobi City na Al Ahli Tripoli vyagenze gute?
Nairobi City yategerezwa gutsinda Al Ahli Tripoli kugira ishobore kuronka itike yo kuja mu gice ca 8 gishira ica nyuma.Iyo migwi ibiri yari inganya (22-22) hasigaye iminota ibiri ngo igice ca 1 kirangire. Ariko Abanyalibiya baratsinze ako gace (32-24). Iminota itatu imbere y’akaruhuko, Al Ahli yari irusha ku (49-36). Jean Jacques Boissy ntiyari bwatagure kubereka ivyamuzanye, atsinda amanota 7. Al Ahli Tripoli yagumye irimbre gushika mu igice ca mbere gihere (56-41). Umugwi wa Al Ahli ufise amanota 20 (63-43). Hasigaye iminota 7 ngo igice ca 3 kirangire. Bagumye bari imbere (83-59) baca begera agace ka 4. Al Ahli Tripoli yatsinze Nairobi City Thunder ku manota 104-91.Jean Jacques Boissy yerekanye kandi ubuhinga bwiwe mu kuba umukinyi wa mbere amaze kwinjiza amanota menshi ashika kuri 30, acaba umukini atsinze amanota menshi kurusha abandi(Record) mu rukino rumwe gusa muri iyi higanwa rya BAL ryose, hari mu rukino bahuye na Nairobi City Thunder (115-87).
Boissy yandikisha amateka kuva BAL ibayeho.
Jean Jacques Boissy, yatsinze wenyene amanota 26. Mu bakinyi batanu bambere Boissy abayinjiye mu mateka kuva ihiganwa rya BAL ritaguye, umukinyi w’ikipe ya Al Ahli Tripoli aba uwa mbere gutsinda nk’ikigereranyo c’amanota 23 buri urukino, ariko yarishije Rolly Fula Nganga yaramaze gutsinda amanota menshi ashika kuri 22 hari mu 2024 yakiniye ikipe y’i Bangui Sporting Club. Boissy ahejeje ku ncuro ya 4 ari we agiye mu kibanza ca mbere amaze gutsinda manota menshi kurusha abandi n’amanota 26: (3-8) ku manota 3; (6-11) ku manota 2 na (5-6) ku manota yo kuri Lancer- Francs. Ubu afite amanota 111, bityo akagira amamanota agereranwa kuri 27,75 buri urukino. Al Ahli Tripoli yashitse ironka uburenganzira bwokuja muri Finals 8.
Mu kwezi kwa gatanu ku kibuga Dakar Arena, Union sportive monastirienne, Petro Athletico de Luanda et Kriol Stars baramaze kuronka uburenganzira bwo kuzokina mw’ihiganwa rya nyuma rya Final muri Conference Sahara muriri higanwa nyene rya BAL. Mu ntango z’ukwezi kwa kane, imirwi ya Al Ittihad d’Alexandrie (Misiri) na Rivers Hoopers (Nigeria) ybaramaze kuronka itike yo gushika muri final 8 ya BAL bavuye muri Conference Kalahari yabereye i Rabat (Morocco). Al Ittihad d’Alexandrie na Rivers Hoopers bahejeje bakurikirana ku mwanya wa mbere n’uwa kabiri uko ari 2 muriyo Conference. Imirwi ibiri ya mbere bazosanga iyindi mirwi yamaze kuronka itike .
Igihugu ca Afrika y’epfo izakwakira igice ca nyuma ca BAL kuri SunBet Arena ya Pretoria, mu kwezi kwa gatandatu.