ImibanoMuburundi

Angeline Ndayishimiye yaserutse ku mpunzi z’Abanyekongo n’abarundi batewe n’imyuzure.

Umupfasoni w’Umukuru w’Ighugu Angeline Ndayishimiye yagendeye ikambi z’impunzi z’Abanyekongo bari mu Mubimbi ni Gatere, zose ziri mu ntara ya Cibitoke. Angeline Ndayishimiye yabashiriye ibintu bifise agaciro k’amadolari 50.000 bigizwe n’ibifungurwa, ibikoresho vy’isuku hamwe n’ibikoresho vy’inkino vyatanzwe n’ibiro vy’ Umupfasoni w’ Umukuru w’Igihugu c’ Uburundi, mu ntumbero yo guteza imbere ubuzima bwa misi yose n’ imibereho myiza y’ abanyagihugu baba muri ico kibanza.

Murizo kambi y’impunzi, Umupfasoni w’ Umukuru w’ Igihugu yakiriwe n’ akanyamuneza n’ imvyino z’ abanyekongo biboneka yuko bari bamwiteze cane, ivyo bikaba vyerekana urukundo rwabo.Mw’ ijambo ryiwe ahamagarira Abarundi bose kugaragariza urukundo izo mpunzi z’Abanyekongo, mu gusangira ubutunzi bwabo, na cane cane muri iki gihe Uburundi bufise ibifungurwa bikwiye. Mw’ ikambi y’impunzi z’AbarundI, kubera ihindagurika ry’ikirere.

Image
Angeline Ndayishimiye, Umupfasoni w’Umukuru w’Ighugu.

Yabaremesha gufashanya hagati yabo kubera ihindagurika ry’ikirere, yarabagabishije kwikingira kandi ku ndwara zandukira, harimwo Mpox na Sida, hamwe n’inyifato ibangamira amagara yabo. Angeline Ndayishimiye yarashimiye ishirahamwe mpunzamakungu yitaho amagara y’abanti kw’isi OMS ku ruhara ifise mu gufasha izo mpunzi agatahura uruhara rukomeye n’ ishirahamwe Bonne Action hamwe ishirahamwe ry’abakenyezi b’abakuru b’ibihugu muri Afrika OPDD mu ntumbero yo gufasha izo mpunzi mu ntumbero yo guteza imbere imibereho myiza y’izo mpunzi. Urwo rugendo rwabaye akaryo keza rwo guteza imbere ubumenyi ku bijanye n’amagara y’igitsina n’imyororokere, gufungura neza, gucandaga mu ntumbero yo guteza imbere ubumenyi n’imibereho myiza y’abakenyezi, urwaruka n’abana muri ico kibanza.

Image
Angeline Ndayishimiye yaserutse kubatwawe n’umyuzure mu Gatambu bari i Gitare.

Buramatari w’ intara ya Cibitoke, Carème Bizoza, yashimiye Umupfasoni w’ Umukuru w’ Igihugu kuri ivyo bikorwa vyo gufashanya n’abatishoboye. Avuga ko imiryango 954 ubu iri mu kibanza ca Gateri, muri yo 583 ikaba imaze kuronka uburaro bwiza, mu gihe 371 ikiri mu mahema. Urwo rugendo rw’umupfasoni ruri mu mugambi w’imfashanyo ubandanya, ugamije gufasha abatishoboye cane no gushigikira inyishu zirama zo guteza imbere ubuzima bwabo.

Related posts

Angeline yagendeye umuvyeyi bashatse kwica kugira bamutware itongo.

Yvan Manager

Amaziko ya Papa Fransisko azoba kuwa 26 Ndamukiza muri Bazilika ya Mariya mweranda.

Yvan Manager

Gabriel Rufyiri “kuvyara benshi biri mu biriko birwiza ubukene.”

Yvan Manager

Leave a Comment