InkinoMumahanga

Ancelotti ava muri Real Madrid aja gutwara umugwi w’igihugu ca Brésil.

Ancelotti, umwe mu bamenyereza bakomeye cane mu mateka y’umupira w’amaguru, azova muri Real Madrid mu mpera z’uyu mwaka, azoba umumenyereza akurikira w’umugwi wa Brésil Ishirahamwe ry’ umupira w’ amaguru ryo muri Brésil (CBF) ryemeje ko azoba umumenyereza ku musi wa mbere, akaba ari bwo bwa mbere mu myaka hafi ijana umumenyereza w’umunyamahanga azotwara uburongozi bw’ikipe ya Seleção.

Ancelotti w’imyaka 65, yatsinze ibikombe bitanu vy’imigwi ya mbere kw’ isi nk’umumenyereza, bibiri muri AC Milan mu 2003, 2007 n’ibindi bitatu muri Real Madrid mu 2014, mu 2022 no mu 2023, ivyo bikaba ari ikintu gihambaye cane mu mateka y’umupira w’amaguru w’i Buraya. Yaratsinze kandi igikombe c’umupira w’amaguru mu Butaliyano, Ubwongereza, Ubufaransa, Espagne n’ Ubudage, ivyo bikaba vyatumye aba umwe mu bamenyereza bakeyi batsinzwe mu mahiganwa yose atanu akomeye y’i Buraya.

Xabi Alonso bivurwa yuko ari we azoca amenyereza Real Madrid.

Hagati aho, umurwi wa Real Madrid iriko iritegurira kwakira uwahoze ari umukinyi wo hagati w’ikipe Xabi Alonso nk’umumenyereza wayo mushasha. Alonso ubu arongoye umurwi wa Bayer Leverkusen, yaratangaje cane uburyo akina mu gutera, aca ajana uwo murwi w’ubudage mu gutsinda igikombe ca mbere ca Bundesliga, ivyo bikaba vyatumye agira izina ryiza nk’umwe mu bamenyereza bakiri bato bafise amasezerano menshi i Buraya.

Ancelotti yashizweho ngo abe umumenyereza w’igihugu ca Brésil gihe ico gihugu kiriko kiritegurira igikombe c’isi co mu 2026, kikaba cizigiye gutsinda igikombe ca gatandatu c’isi.

Related posts

Abaririmvyi bahamagariwe kuja mu bikorwa rusangi ku kibuga Itwari.

Buja Media

PlayOffs2025: Les Hippos ihejeje gutakaza urukino rwa mbere itsinzwe na Dynamo.

Yvan Manager

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Yvan Manager

Leave a Comment