Aigle Noir isigaje gusa urukino rumwe rudende naho ikarutsinda izoba itwaye igikombe c’uno mwaka muri Primus Ligue Burundi 2024-2025, urwo rukino bazohura na Vision 2026 mu mpera ziyi ndwi, Aigle Noir yirahiye Flambeau du Centre ibitsindo 2 kuri 1 muriyi ndwi igira 26 ku kibuga ca Nkurunziza Peace Park i Makamba. Aigle Noir iri mu kibanza ca mbere ku rutonde rw’imfatakibanza n’amanota 64 ikarusha Bumamuru amanota 7, Musoganti Fc mu kibanza ca 3 bayirusha amanota 13. Aigle Noir mu nkino 27 bamaze gukina, batsinzemwo 20, zine baranganije, zitatu barazitakaza.
Mu rukino rwari rw’itezwe n’igishika cinshi, Aigle Noir yerekanye ubuhnga bwayo mu gutsinda ibitsindo bibiri kuri kimwe, gutyo ikomeza ikibanza cayo mu kibanza ca mbere.Inyuma y’iyo ntsinzi, Aigle Noir ubu isigaje intsinzi imwe gusa ngo ishobore gutwara igikombe c’ihiganwa.
Umurwi wa Vitalo waheruka gutwara umwaka uheze igikombe Primus Ligue 2023-2024 uri mu kibanza 6 n’amanota 46. Imirwi 3 iri ru tonde rwa nyuma ni Deira Academy iri mu kibanza ca 14 n’amanota 17. bagakurikirana na Moso Suger ifise amanota 13. umurwi wa nyuma uko vyogenda kose uteegerzwa gusubira mu gice ca kabiri cinkino ni LLB Amasipiri uri mu kibanza ca nyuma n’amanota 9.